Indongozi za CNDD-FDD zisabwa guhimiriza abanyagihugu kuja kwiyandikisha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 février 2018 saa 10:56
13530
0 0

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko bihweje uko igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora cakozwe mu gihugu ku munsi wa mbere waco, hari abarongoye umugambwe mu ntara bamwe bamwe bataciteguriye uko bikwiriye. Agabasaba abarongoye umugambwe ku nzego zose guhimiriza abantagihugu kuja kwiyandikisha.

Mu rwandiko yanditse rufise umutwe ‘’Gukebura abatwara umugambwe mu ntara’’, Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD –FDD ku rwego rw’igihugu asaba abatwara umugambwe kuva ku rwego rwo hasi, gusuzuma ko abanyagihugu bafise ibikenewe kugira biyandikishe, hamwe no gusuzuma ko abakwije imyaka 16 bose bafise ikarata karangamuntu.

Muri urwo rwandiko, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD asaba abarongozi b’umugambwe gukurikirana ku mwanya ku mwanya igikorwa co kwiyandikisha, gutanga ivyegeranyo mu gihe cose bikenewe, no gutanga igitigiri c’abiyandikisha mu ntara ku munsi ku munsi inyuma y’umuhingamo.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko , iki ari igihe k’ubuserukizi bukuru bw’umugambwe co gupima umwe umwe wese urugezo agezeko mu gutunganya ibikorwa mu karere kiwe.

JPEG - 42.6 ko
Evariste NDAYISHIMIYE,Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko bazokora icegeranyo cerekana ingorane intara yose yagize, bakazzogifatirako mu gufata ingingo zibereye.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kizorangira kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018.


Kumenyekanisha

1
ciza mechack 10-02-2018 à 13:03

Kuberi Gutora Bagize Isandugu Yera Iyindiyirabura ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha