IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > volley-ball > Inkino zihuza ubushikiranganji butandukanye zaraye zisozerewe

Inkino zihuza ubushikiranganji butandukanye zaraye zisozerewe

samedi 23 Ntwarante 2013

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante, harasozerewe inkino zihuza imirwi yo mu bushikiranganji butandukanye. Mu rukino rwa basket-ball , ari na rwo rwasozereye, Ubushikiranganji bw’Ikigega ca Reta nibwo bwatahukanye itsinzi mu rukino rwabahuza n’Ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashure matomato n’ayisumbuye. Urukino rwari ruteye igomwe nk’uko twabishikirijwe n’abarorerezi.

Ntivyari ibisanzwe ku kibuga ca basketball co kuri Parake nkuru. Abantu bari basidukanye n’iyonka, baje kwirabira ingene iyo mirwi inyinyana . Harimwo abantu bahumuye bakina mu bawigeze, mugabo bafashe umupira berekana ubukerebutsi budasanzwe.

JPEG - 31.9 ko

Kuva ku mwanya wa mbere gushika bihere, abo mu mu bushikitaranganji bw’ikigega ca Reta ni bo bagumye imbere, barashatse kumera nk’abanganya ariko baca basubira kwivyukiranya.

Umwizero wo gutsinda, mu baserukira ubushikiranganji bw’inyigisho, wadendutse mu minota ya nyuma. Hasigaye iminota 7 ngo urukino rurangire, iyo mirwi yarushanya amanota atanu gusa.

Aho abakinyi Paceri, Rwakiranya, Charles na bagenzi babo bakinira ubushikiranganji bw’ikigega, barakomeje ibitero, nyabuna bahava badendura ari 55 kuri 37.

Umurwi watahukanye intsinzi waciye uronswa igikombe n’imipira itatu, na yo abatsinzwe baronse imipira itatu gusa. Mu mupira w ’amaguru, igikombe catahukanywe n’abo mu biro vy’umukuruu w’igihugu batsinze ubushikiranganji bw’umutekano. Ubwo bushikiranganji nyene ntibwaronse amahirwe mu gice ca nyuma muri iryo higanwa. No mu mupira w’amaboko voleyball kuko batsinzwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashure y’intango, ayisumbuye, imyuga, no kwigisha abakuze gusoma n’ukwandika.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, bwari bumaze kane kose bugarukira mu gice ca nyuma mugabo ata gikombe batahana.


Juste Bigirimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.