IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatanguye kwitegurira inkino (...)

Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatanguye kwitegurira inkino mpuzamakungu

lundi 26 mars 2018

Mu rukino rwo kuwa gatandatu rwabereye ku kibuga Urukundo c’I Ngozi, umurwi w’intamba mu Rugamba wahuye na Messager Ngozi, urukino rurangira umurwi Messager Ngozi utsinze Intamba mu Rugamba z’abadashikana imyaka 20, ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ibitsindo vy’umurwi Messager Ngozi vyinjijwe na Ladislas na Dannick, mu gihe igitsindo c’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba z’abakinyi batarenza imyaka 20,cinjijwe na KWIZERA Eric.

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 25 Ntwarante 2018, urukino rwa kivandimwe rwabereye mu ntara ya Gitega, rwahuje intamba mu Rugamba z’abadashikana imyaka 20, n’umurwi Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, urukino ruca rurangira, Intamba mu Rugamba zitsinze Musongati FC, ibitsindo bibiri ku busa.

Ibitsindo vy’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, vyinjijwe na MAVUGO Cedrick Tity ku munota wa 14, mu gihe igitsindo ca kabiri cinjijwe na IRAKOZE Saidi, ku munota wa 80.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.