Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatsinze Etiyopiya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 avril 2018 saa 11:27
13215
0 0

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba w’abatarenza imyaka 20 watsinze umurwi wa Etiyopiya, igitsindo kimwe ku busa, mu rukino rwo gusubiriza rwabereye I Ngozi kur’uno wagatandatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2018.

Urwo rukino rwahuje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi n’uwa Etiyopiya rwakinywe mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ku mugabane wa Afrika y’abakinyi batarenza imyaka 20.

Kuva mu gice ca mbere c’urukino, imirwi yose yagumnye yerekana ko ikeneye intsinzi, Uburundi bukagomba kuzigama intsinzi, Etiyopiya nayo kugombora ibitsindo bibiri yinjirijwe I Addis-Abeba, ariko ntihagira umurwi n’umwe utsinda igitsindo.

Ku munota wa 85, mu gice ca kabiri c’urukino, niho umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Shaka Bienvenu yinjija igitsindo kimwe c’Uburundi, ari naco co nyene cabonetse muri urwo rukino.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, uciye ukwiza ibitsindo bitatu ku busa vya Etiyopiya, mu gice gikurikira Uburundi buzoca bukina n’igihugu ca Sudani.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha