IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi isaba Reta gutanga umuco ku bwicanyi (...)

Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi isaba Reta gutanga umuco ku bwicanyi bw’i Buganda

mardi 15 mai 2018

Mw’itangazo Michel KAFANDO yashikirije, amenyesha ko yiyamirije ubwo bwicanyi bwahitanye abanyagihugu 26 bitavye Imana n’abandi benshi bakomeretse, mu gihe mbere bwabaye mu bihe vya poritike bitoroshe, hariko haba imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Michel Kafando, ahamagarira abanyeporitike mu butandukane bwabo, gutorera inyishu ivyo badahurizako biciye mu nzira z’amahoro, no kwigumya mu gihe cose hoba agasomborotso.

Michel Kafando, yasubiye kwemeza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ritazokwigera rishigikira abatorera inyishu babicishije mu gusinzikaza agateka ka zina muntu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • kafando akwiye kubwira abarundi abicanyi bahungiye i buraya hakubafatisha akabasabira ibiganiro ?.abarundi turimaso ntiyiihende.

  • Kafando Yavuze Neza Gusaba Reta Kugira Amatohoza, Ababikoze Bahanwe Hisunzwe Amategeko ! None ko Atasavye Ko Abatuririye Abantu Mumapine Ndetse Bagashaka Gutembagaza Reta Muri 2015 Imana Igakinga Nabo Nibafatwe Baje Imbere Yubutungane ? Abona Ko Bariko Baragira Vyiza ? Kwatabasabira Gufatwa ? Uyo Mugabo Natikebuka Arateye Amakenga Peee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.