IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga ririyamiriza ibiri mu cegeranyo ca (...)

Ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga ririyamiriza ibiri mu cegeranyo ca ONU ku Burundi

dimanche 1er avril 2018

Itangazo, uwurongoye ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga Japhet Legentil NDAYISHIMIYE, yashizeko umukono, rimenyesha ko bafise ikibazo co kumenya nimba abagize amatohoza barishikiye mu Burundi, kugira barabe uko ibintu vyifashe.

Muri iryo tangazo, umukuru w’ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga, amenyesha ko aribo vyabona, ko ibintu vyateye imbere mu bijanye n’agateka ka zina muntu, kandi ko mu gihugu cose hari amahoro.

Ishirahamwe ry’abarundi baba hanze, rivuga ko Uburundi atari amacuniro y’abantu nk’uko vyashikirijwe na Zeid Al Hussein umukuru w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe ry’barundi baba mu mahanga rimenyesha ko, kuba Uburundi bwiswe amacuniro, ari igitutsi ku barundi bose no ku barundi baba mu mahanga.

Icegeranyo c’umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi, cashikirijwe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018, mu nama igira 37 y’umurwi wa ONU uraba ivy’agateka ka zina muntu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • None nkuwo Mugabo aba Hanze kubera iki nayo abazi ko hariho amacuniro nabahamukiye uwo nawe natahe ntawo Hanze yamutumye

  • Nukuri abo biyita ngo nabajejwe amatohoza barateye isoni kutabona ukuri kuboneka,aha twobabwira yuko arico gituma ONU yataye icizere kuko bakora ubudandaji,ntibakibona ukuri,impunzi zitahuka ntibazibone,ibihugu vyishi bigasambugwa nibinyoma. ONU murateye isoni. Jewe ubu ndayita DÉUNION DES NATION UNI.

  • Andika hano Uwomugabo Kwa Vugira,hanze,ninde,yamutumyeyo,naveyo Abibeshuze Arimugihugu,areke Kuvuga,ayoyishakiye,atinyiki ?Iyo Niporitike.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.