IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Itegeko rigenga kwororera mu mpongore ryemejwe n’inama nkenguzamateka

Itegeko rigenga kwororera mu mpongore ryemejwe n’inama nkenguzamateka

Wednesday 12 September 2018, by vianney

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko imvo n’imvano y’iryo tegeko ari kugira bagwanye ibitungwa vyiyerereza bidacandarwa iyo hatunganijwe incanco,kugwanya amatati ari hagati y’abarimyi n’aborozi ,kugwiza umwimbu kuko iyo inka ziyerera zita amase ku misozi ifumbire igaca ihatakarira hamwe no kurwanya iyonona ry’ibidukikije ritumwa n’ibitungwa biyerera.

Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka nibijanye n’imyaka 3 yatanzwe kugira iryo tegeko rije mu ngiro kandi hariho intara zimwe zimwe ziza zaratanguye gushira mu ngiro iryo tegeko hamwe n’amakenga ko iryo tegeko rizotuma inka z’ikirundi zizohava zihona mu gihugu.

Kurivyo bibazo umushikiranganji Deo Guide RUREMA yishuye ko ikiringo c’imyaka 3 catanzwe arico kwitegura kugira hazogere abantu nka bose bashize mu ngiro iryo tegeko.

Kubijanye n’amakenga ko inka z’ikirundi zigiye guhona ,Deo Guide RUREMA yavuze ati: “Haba namba nta nka z’ikirundi zigiye guhona kuko mu kigo ISABU dusanzwe dufiseyo inka z’ubwoko za Kirundi dukoresha mu kwimisha kugira izo nka zacu ntizihone.”

Bitegekanijwe ko iryo tegeko niyo ryemezwa hazoca habaho amategeko mperekeza 8 yaryo.

Iyo nteguro y’ibwirizwa rigenga kwororera ibitungwa mu mpongore ryemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 34 bariho hamwe n’abandi 5 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.