Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ivyo Lil Wayne yakoreye abakunzi biwe n’abaririmvyi bo mu Burundi bama (...)
Ivyo Lil Wayne yakoreye abakunzi biwe n’abaririmvyi bo mu Burundi bama babikoze
vendredi 18 Myandagaro 2017
Bamaze kwumva ko Lil Wayne azoririmba mu nzu ya kera iberamwo ibiteramo Olympia de Paris, abagura amatike yo kwinjira barabaye benshi gushika naho ahera. Abakunzi ba Lil Wayne iminsi bayiharura ku ntoke.
Muri ico giteramo co kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017, Lil Wayne yategerezwa gutangura kuririmba kuva igihe c’isaha zibiri z’ijoro.
Amakuru atangwa n’ikinyamakuru 7sur7.be avuga ko uwo muririmvyi avuka i Louisiane muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahavuye atangura kururimba isaha zine n’iminota mirongo ine n’itatu z’ijoro(22h 43) aca aheza isaha z’itanu n’iminota mirongo ine n’umwe (23h 41).
Muri ico kibanza, yahamaze iminota mirongo itanu n’umunani itarenga ntirenguke. Abari bamwiteganye igishika bahavuye bataha ishavu riniga, imyidogo ari yose, bicuza amahera yabo barishe.

Ivyo Lil Wayne yakoreye abakunzi biwe vyama vyakozwe no mu Burundi, aho umuririmvyi arongoye igiteramo yama ashika atevye bamwe mu bakunzi biwe bamaze gutaha. Aho guteramisha bikwiye n’abo ahasanze, uwo muririmvyi akaririmba umwanya muto n’indirimbo nkeyi.

Cherif NKESHIMANA