Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > KIYOYO Djuma yatunganije igiteramo i Bruxelles mu Bubiligi
KIYOYO Djuma yatunganije igiteramo i Bruxelles mu Bubiligi
jeudi 25 Rusama 2017
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uwu wa kane igenekerez rya 25 Rusama 2017, KIYOYO Djuma yavuze ko ico giteramo ciswe Akiwacu Concert kizohuza abaririmvyi bashasha hamwe n’abaririmvyi ba kera.
KIYOYO Djuma amenyesha ko turetse uguhimbaza umunsi Uburundi bwibuka imyaka 55 iheze buronse intahe yo kwikukira, ico giteramo kandi catunganijwe mu ntumbero yo kumenyekanisha umuziki w’Uburundi hamwe n’igihugu, kuko kenshi usanga igihugu c’Uburundi kizwi kubera ingorane gusa.
Kuko bisaba uburyo mu guhamagara abaririmvyi bava mu bihugu bitandukanye, KIYOYO Djuma amenyesha ko kwinjira mu giteramo, bazorihisha amafaranga 20 y’abanyaburaya, kugira bibafashe kuriha amatike y’indege.
Muri ico kiganiro, KIYOYO Djuma avuga ko umuziki w’Uburundi wasubiye inyuma, ari naco gituma ariko akora ibishoboka vyose kugira umuziki w’Uburundi utere imbere, ugaruke mu kibanza wamyemwo imbere yumuziki w’Urwanda n’Ubuganda.
KIYOYO Djuma ahamagarira abaririmvyi b’abarundi kuguma bafatanye mu nda, bafashanye, bumvikane kandi bareke guterena amajambo, ahubwo bakorane inguvu kugira umuziki w’Uburundi utere imbere.

Ico giteramo kizoba kirimwo abaririmvyi rurangiranwa nka Afrika Nova, Goreth yaririmvye mu murwi Amabano, T-Max, Kijanya Thierry hamwe na Seleman Decoz ava mu gihugu c’Urwanda.
MUGISHA Van Naris