Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Uruzi Nyabagere rwuzuye rusesa mw’isoko
Kamenge : Uruzi Nyabagere rwuzuye rusesa mw’isoko
lundi 3 Ndamukiza 2017, par
Ibikorwa vyahungabanye mw’isoko yo mu Kamenge mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’imvura nyinshi yaguye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana. Uruzi Nyabagera ryaruzuye, amazi aca amenera mw’isoko ya Kamenge.

Igiporisi c’Uburundi cashikirije urutonde rw’imfatakibanza, rwerekana ivyononekariye kuri iyo mvura.
Muri zone ya Buterere, inzu 17 zabomotse, mu zone Kinama habomoka izigera kuri 37.
Muri zone Kamenge habomotse inzu 5, inyubakwa z’ishure shingiro mu Kamenge zuzuramwo amazi, hamwe n’ikiraro ca Nyabagere casambutse.
Mu gihe bivugwa ko hari abantu boba bahitanwe n’iyo mvura, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ayo makuru atayo afise.



IGIHE
Messages
3 Ndamukiza 2017, 13:15, par Rudahunga
Twihanganishije abavandimwe babarundi mu byago mwahuye nabyo mukomeze kwihangana
3 Ndamukiza 2017, 15:42, par Kambale
Amaraso y’inzirakarengane arahanze igihugu cacu,none ko aba Chinois ko baduhaye Buruguri ubu hoho baradufashisha iki?genda Burundi urageramiwe,inzara,umwanda,imyuzurira,none duhungire mu Rwanda canke?
3 Ndamukiza 2017, 20:38, par obedi
Imana idufashe
3 Ndamukiza 2017, 21:14, par Wakera
Uwo n’umuvumo wazanywe niyo Leta y’icaduka hamwe n’amaraso yirirwa araseswa nizo Mbonerakure,FDLR, interahamwe, Igendereza, Iciyita igipolisi n’igisirikare! Ivyo bintu ntavyahora biba bizanywe nubu bwicanyi bwa Leta y’icaduka
4 Ndamukiza 2017, 07:02, par FELIX MUHIRE
Ariko Urwanda murarudukoza mu jisho cane. Kambale genda ni washaka! Ariko burya, mpingurwaha ngo yakimajij’amaguru! Gashig’izokuzana!
4 Ndamukiza 2017, 07:50, par Karori Ntakirutimana
Ntagisagara citwa ngo numurwamukuru comera ukwo, nibara kumutemere! kuberiki iyo reta yicaduka itosohora amahera kubahinga karuhariwe mugusaturira inzuzi inzira? amahera nugusomba barunda mumazu yabo kuriko bayakoreshe mugutezimbere ibisagara, ubwobugezi bumanuka buva ngaho mimisozi nibwo bwananiranye kabisaa!, narabomye inzuzi zikomeye zica hagati mubisagara zizungurutswe namazu akomakomeye ntamusi zigera zuzura ngo zishike kunkombe, egoniko hariho ibihugu bimwebimwe birongowe nabasumirinda, batitaho igihugu canke ibisagara, ivyo biriho, nicogituma vyama vyahuye namakuba nkayo.
5 Ndamukiza 2017, 10:21, par Ntwarante
Mbe honyene uravye nayo mazu tureke nizo nzuzi, ubona ayo mazu arayo mu gisagara nukuri? Ha!
5 Ndamukiza 2017, 21:55, par Manirakiza Augustin
Umukama natugarukir nayo ahand hoho turahona.