Kamenge : gerenade yatewe mu kibanza kitubatse ntiyagira ico yonona

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 juin 2018 saa 09:08
9900
0 0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko hari gerenade yatewe mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, ariko ataco yononye.

Pierre NKURIKIYE, avuga ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro, muri karitiye Mirango, iri muri zone Kamenge, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, iterwa mu kibanza kitubatsemwo, kw’ibarabara rya 11.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, amenyesha ko uwateye iyo gerenade ataramenyekana.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha