IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kazoza k’abanyeshure barenga ibihumbi 80 kari mu mayira abiri

Kazoza k’abanyeshure barenga ibihumbi 80 kari mu mayira abiri

samedi 17 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure baharurwa mu bihumbi mirongo umunani bo mu myaka y’icenda n’iy’icumi bayobewe ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu gice ca kabiri c’inyigisho z’amashure shingiro, nibo bagiye kumara umwaka wose bari muhira, barindiriye gusubira gukora ikindi kibazo mu mpera z’umwaka w’ishure ukurikira.

Ubushikiranganji bujejwe inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye buheruka kumenyesha ko abanyeshure bari bamenye mw’ishure, ariko bakananirwa ikibazo ca Reta, bazosubiramwo kugikora, ariko bakabanza kuzomara umwaka wose w’ishure muhira, barindiriye ko umwaka w’ishure uhera, kugira bakorere hamwe n’abandi ico kibazo.

Mu runani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana, FENADEB (Fédération Nationale des Associations Engagées dans le domaine de l’Enfance au Burundi) baratewe amakenga n’iyo ngingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’indero. Muri urwo runani bakabona ko ari kazoza k’abo banyeshure gahebwe. FENADEB imenyesha ko abo bana nibamara umwaka wose bari muhira, bazohava basanga bakwegewe mu ngeso mbi nk’ukunywa ibiyayuramutwe, ubushurashuzi, ubusuma n’ibindi.

Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru wa FENADEB asaba Reta y’Uburundi ko yoshiraho umurwi wiga ico kibazo c’abo banyeshure barenga ibihumbi mirongo umunani.

JPEG - 216.5 ko
Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru w’urunani FENADEB

Ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bukaba buheruka gushira ahabona amanota yafatiweko ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda n’uw’icumi bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’ishure shingiro, amanota yafatiweko ni 93 ku 200, akaba angana n’ibice 46,5 kw’ijana.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icumi, amanota yafatiweko ni 93 ku 345, akaba angana n’ibice 26,9 kw’ijana.

Amashure y’abikorera ivyabo arakwije indwi atanguye umwaka w’ishure mushasha, mu gihe mu mashure ya Reta ata genekerezo ry’ugutangura ishure riramenyeshwa.


IGIHE

Messages

  • Amakenga Arahari Koko! Kubona Un Adolescent Arindirira Ikibazo Muhira Atariko Ariga! Iyo Ni Système Nshasha Ntomenya Ico Igamije. Nibareke Abo Bana Bige. Burya Ishure Ni Encadrement Ya Bana Ibakingira Kuja Mu Bintazi Kuko Umwana Agifise Amaraso Ashushe Aroroshe Kwinjizamwo Iciyumviro .

  • Amakenga Arahari Koko! Kubona Un Adolescent Arindirira Ikibazo Muhira Atariko Ariga! Iyo Ni Système Nshasha Ntomenya Ico Igamije. Nibareke Abo Bana Bige. Burya Ishure Ni Encadrement Ya Bana Ibakingira Kuja Mu Bintazi Kuko Umwana Agifise Amaraso Ashushe Aroroshe Kwinjizamwo Iciyumviro .

  • JEWEMBONA BORABA NABOBAYOBEWE BAKABADUBUZA KUKOBARINZEBICARA MUHIRA NTAMAHIGWE YAKUMENYA BORONKA.

  • EMWE RETA NICE IKURIKIRANA NEZA UBUZIMA BWABOBANA KUKO BESHI BOHAVA BIHEBURA BAGACA BAJA MUNGESOMBI

  • Birababaje ariko ntakundi.
    Haraheze igihe abavyeyi babo bana bashizeho intwaro mbi bitwaje ngo nibo benshi.haheze imyaka cumi abahejeje bataronka akazi kuburyo abahejeje normal benshi ubu arababoyi,aba aide maçon,ubungere binka i buringa .Ariko nticabujije ko bazinduka gutora le meme prèsident bitwaje vyabindi nyene.uti umuti nuyuhe?nibaje mwibarabara biyamirize intwaro ibateye amagogwa ataraho ntakundi kuko ntagishoboka kuriyo ntwaro abavyeyi babo bashizeho .nibitege imvunja namarushwa nivyo batoye nivyo baronse.

  • Vyababuriy Wiga Igendo Yuwundi Ikakuvuna Yamashure Yimyuga Mwavuga Ntimwoygrura Bakiga?Ikind Amashur Ya Reta Mwayugay Kwigice Gihez Abanyeshure Bari Mumihra?Ighugu Cabananiy Pee!!

  • Nkurunziza en tant que Sebarundi, natumeko en collaboration evidemment avec les directeurs des etablissements concernes, tous ces eleves bamenye umwaka wose w’ishure etant premier, deuxieme, troisieme, quatrieme, cinquieme, bref parmi les unites (icumi ba mbere) de leurs classes respectives de la 9e et 10e annee, hanyuma ababarire igituma adashaka ko babandanya iciciro ca kabiri kandi babishoboye. C’est aussi simple que ca. Qu’il fasse des descentes en commencant par la mairie de Bujumbura, il constatera de lui-meme que l’examen national de l’annee en cours a fait trop de victimes innocentes qu’il ne le pense. Condamner un eleve brillant a passer une annee blanche chez soi sans rien y foutre alors que abo yarusha ubwenge mw’ishure canke babunganya babandanije iciciro ca kabiri, c’est serieusement grave pour l’education nationale du Burundi. Nabatumeko et leurs directeurs d’ecole kuko ntivyumvikana a l’ere que nous sommes qu’un eleve brillant soit ecarte du banc de l’ecole pour toute une annee. Nkurunziza n’a pas instaure l’ecole gratuite pour faucher l’avenir de la jeunesse burundaise a ce que je sache.

  • ivyaba dd nihatari ubu mubintu ba koze bavuga ko bubatse amashure uretse ko atatibo bayu ba tse yubatse zona murundi wese none ayo mashure bayatesheje agaciro mugihe bahagaritse abana kugamwo

  • UBWO BUSHIKIRANGANJI BUKWIYE KUMENYA KO ABO BANA BAYOBEWE KUKO BATARI BATAHUYE NEZA KAND BARIKUMWE NUMWIGISHA ABAKURIKIRANA.ICARI GIKWIYE KURI ABO BANA KUNEZA YABO NDETSE N’IY’IGIHUGU NUKO BOBEMERERA GUHITIRA NAKINDI.

  • Tuzobatera Amabuye Bareke

  • Bikunarira umaze umwaka kuntebe y’ishure,ninde yogira inguvu yohava atora icirwa amaz umwaka yicarany na nyawihebuza?

  • Ndabira cagihugu kirota guhangana n’u Rwanda!!ujinga ni mzigo kweli

  • Kubijanye Na Banyeshur Bayobew Vyiza Bobareka Baka Doubura Kuko Nta Munyeshure Yomara Umwaka Yicaye Muhira Hanyuma Aheze Aje Gukorana N’umaze Umwaka Yiga Ngo Aheze Abitore

  • none abahora biga mundaro bakaba batashoboye kuronka amanota yo mu ndaro bimeze gute?bazoca baje muhira?

  • Ivyonivyizamwakozekuko,abaribabuze,abagabonibeshi

  • jewe nakuriye mwishamba kuvandadaye agandaguwe ntamashurenize mbayeho gusumvya abize!nibagendekuronderera kazoza ahonanje nagakuye nayo amashure yubu teswamute.

  • Mbege Bamwe Bamwe Bose Bazokora Ibijanye Naho Bahorabiga Mumwaka Torangije

  • Leta y’UBurundi icyemezo yafashe sicyo pee ubwo uwo mwana azomara umwaka yicaye imuhira akorane Examen numaze umwaka kuntebe y’ishure. Baca umugani mukinyarwanda ngo kwiga ni uguhozaho Leta nirabe uko yofasha urwo rwaruka rujye k’ushuri ba double cg bige amashure y’imyuga niba ataruko bimeze uburundi ntibuzotera imbere abakabuteje imbere. Akazoza kabo ntako babona bige ba double cg leta ibashire mumashure y’ubumenyingiro murakoze yari kanyarwanda ubifuriza isha n’ihirwe Kuko sebarundi na kanyarwanda bahoze ari bamwe byatewe nabakoloni SHALOMMMMMM

  • RETA YA NKURUNZIZA NTAKO ITARI YAKOZE KUGIRA IGIHUGU GITERE IMBERE ARIKO NONEHO KARABAYE AGAHOMERA BUNWA AMASHURE ARATAYE AKARANGA RETA IHIMIRIZA ABANA KWIGA NGO NIHO BAZORONKA KAZOZA KEZA ARKO IKABA MUKUGACINYIZA. NONE NKUWIYUMVIRA NKABANA IMIRIYONI MIRONGUMUNANI BOTAHA MUHIRA BAKARORERA GUSUBIRAYO UMWAK UHEZE UWO NTAKUNDA UBURUNDI NAWE NIYISHIRE MUKIBANZA CABO BANA YUMVE KO YOBISHOBORA JEWF NDASHIGIKIRA JACQUES NSHIMIRIMANA UMUKURU WA FENADEB NUMUGABO WIJUNJA N’IJAMBO KUKO WE ARABONA KUBURUNDI BUGIYE KURWA MUMANGA MUKIRUNDI :UWANKA AGAKURA BAGA UMUTAVU ;UBWATSI BURAKURA BUKA BISHA UBUNDI;KANDI AHA TURI HARI ABANDI.EREGA ABO BAFASHE IYO NGINGO BURACA BUGACANA AYANDI AHO BARI SIHO BAZOKWAMA NIBAREKE KWICA UBURUNDI BIYUMVIRA KO HOCA HIGA BANDE?NI UWUTAJA KWISHURE NTIYOBA AKIJAYO. GUKORA IKI KANDI ATAKAMARO ABONA VYO MUZANIRA

  • None Yamyuga Bavuga Izokwigamwo Aba He? Mbehoho Abatamenye Mwishuri Nomukibazo Careta Bazo Ja He? Nikubera Iki Abarekaramye Bamwe Batatunganiririjwe Twasaba Abajejwe Amagarayabantu Bagwize Amakondomu Guko Ubusuma Nubu Humbu Bigiyekurenga Twabasababikubite Agashi Nabonyenebige.

  • que deviendra l,éducation burundaise!il faut la réorganiser àtemps!

  • Mbanje Kubaramutsa
    Umwaka W’ishure Hageze Ubu Utaratangura Ntangorane Bizotera?

  • nimureke kujuragiza abobanyeshure twarabonye mwaritakambiye ko atakazi mufise babwire kimwe batahe mumihira yabo hakiri kare

  • Abiga Barize Kubera Iki Batatunganishije Amapurusa Bo Muwicumi 26.5 Na 46.5 Wumv Bingana Hakoz Twes Niyompamv Twar Kungany Purs Nkaj We Mfis 43 Nkac Numv Uwa 32 Anyigamb Muvyumv Gut Ko Tutakorey Kumanut Angan Ntakund Nituje Gushon Mugab Mwebw Mwarimukwiy Kudusubiz Kwishur Tukadubur Nayahand Ntac Tuzoyag Ntanaho Tuzonganir Nuwurik Arig Kand Atanibitab Baduhay Ngo Twisubirirmw

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.