Kenya : Abagabo babiri bagirizwa urudandazwa rw’abakobwa b’abarundikazi barumvirijwe na sentare

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 avril 2018 saa 01:08
17610
0 0

Sentare ya Kenya yarumvirije abagabo babiri bagirizwa gukora urudandazwa rw’abigeme b’abarundikazi 29, bashaka kujanwa mu bihugu vy’abarabu, hamwe no kubakira bakabaha aho baba badakurikije amategeko.

Abo bagabo ni Bigirimana Hassan w’umurundi, hamwe na Kasso Abdalla Ebrahim yoba ava mu bihugu vy’abarabu, bumvirijwe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abo bagabo babiri, bagirijwe kandi kuba binjije abo bigeme,mu gihugu no kugumya ivya ngombwa vyabo hatisunzwe amategeko.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko,uko ari babiri bose, bahakanye ivyo bagirizwa, ariko sentare ica isaba ko umwe wese yotanga amadorare ibihumbi 10, kugira abe ararekurwa ivy’agateganyo.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza ruzosubira kwumvirizwa kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2018.


Kumenyekanisha

1
Namahoro 25-04-2018 à 14:53

None izo 10 za madoral baca bayaha abo bigeme cank bene abo bigeme ?Ahubwo nibabaze amazina yabo bamaz gutwara bose kugira leta izokwige ingen yobakurayo.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha