IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Sentare Nkuru yasavye ko ingingo yo kwugara imboneshakure zitatu (...)

Kenya : Sentare Nkuru yasavye ko ingingo yo kwugara imboneshakure zitatu ihagarara

vendredi 2 février 2018

Izo mboneshakure zari zugawe kuko yari yiteguriye kwerekana ibirori vyo kurahira kwa Raila Odinga , umukuru w’abatavugarumwe na Reta mu gihugu ca Kenya, nk’umukuru w’igihugu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko umwe mu bajejwe gukingira agateka ka zina muntu ,Okiya Omtata, yatanze ikirego ashaka ko sentare yemeza ko ingingo ya Reta ihonyanga ibwirizwa shingiro, kandi izo mboneshakure zihabwa indishi y’akababaro.

Abayobozi b’izo mboneshakure zugawe, bavuga ko bamaze guhomba amafaranga menshi, aharurwa mu mamiriyoni y’amadorare y’abanyamerika, kuko hari ibikorwa vyo kumenyekanisha vyahagaze kandi arivyo vyahora bibafasha kwinjiza amafaranga.

Ku ruhande rwa Reta ya Kenya, ishaka ko izo mboneshakure zugara gushika mu gihe kitazwi, mu gihe igipolisi kiriko gikora iperereza ku banyaporitike n’abanyamakuru, ku ruhara bagize mu birori vyo kurahira kwa Raila Odinga.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.