IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru : Abasuma bagirizwa kwiba amabanga ya Koreya (...)

Koreya ya Ruguru : Abasuma bagirizwa kwiba amabanga ya Koreya y’epfo

mardi 10 Gitugutu 2017

Amakuru avuga ko amwe murayo mabanga ko ari imigambi myinshi isangiwe hagati y’igisirikare ca Koreya y’epfo hamwe n’igisirikare ca Reta zunze Ubumwe za Amerika.
Nk’uko tubisoma k ‘urubuga rwa BBC ikivugwa cane murayo mabanga ni umugambi wo kwica umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong Un.

Rhee Cheol-hee asanzwe ari umushingamateka muri Koreya y’epfo yashikirije ko ivyibwe vyakuwe mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

Tubibutseko igihugu ca Koreya ya Ruguru giheruka kwiyamiriza amakuru avugako hari abasuma b’igihugu caco bivye ibintu bitari bike mu kwezi kwa nyakanga mu mwaka wa 2016 ,igihugu ca Koreya y’epfo kigashikiraza ko ibice 80 kw’ijana vyibimaze kwibwa nabo basuma batarabimenya neza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.