IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Abakunzi b’umupira w’amaguru barindiriye urukino ruhuza (...)

Ligue des Champions : Abakunzi b’umupira w’amaguru barindiriye urukino ruhuza Chelsea na FC Barcelone

mardi 20 février 2018

Umukinyi wo hagati mu murwi wa Chelsea Eden Hazard avuga ko akiri kure y’urugero rw’umukinyi Lionel Messi baza guhurira mu rukino ruza gutangura isaha zitatu n’iminota 45, mu masaha yo mu Burundi.

Eden Hazard yavuze ko umurwi wa FC Barcelone ari umwe mu mirwi ikomeye kw’isi muri iki gihe, ari naco gituma bisaba gukinira hamwe kugira umurwi wabo ntutsindwe.

Naho biri ukwo, Eden Hazard avuga ko yizeye ko baza gukina urukino rwiza, kandi ata kindi bipfuza atari ugutsinda urwo rukino.

Ku rundi ruhande, Andrés Iniesta umukinyi wo hagati mu murwi FC Barcelone avuga ko umurwi wa Chelsea ari umurwi uzi ico utegerezwa gukora, kandi uzi gukina, rero ko bategerezwa gukina urukino rwo ku rwego rwo hejuru.

Urwo rukino ruje rukurikira urundi rwahuje iyo mirwi mu mwaka wa 2009, aho umurwi FC Barcelone wakuyemwo umurwi Chelsea uwusanze ku kibuga cawo, iyo mirwi ihejeje kunganya igitsindo kimwe ku kindi.

Igitsindo ca FC Barcelone cabonetse mu minota ya nyuma y’urukino, ku mupira w’inguvu n’ubuhinga watewe n’umukinyi Andrés Iniesta.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.