IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions: Hamaze kumenyekana uko imirwi izohura muri 1/4 gishira (...)

Ligue des Champions: Hamaze kumenyekana uko imirwi izohura muri 1/4 gishira ica nyuma

samedi 18 Ntwarante 2017

Imirwi umunani yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya,yamenye ingene izohura.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwaka wa 2017 niho haba igikorwa co gutora uko imirwi izhura mu gice ca kane gishira ica nyuma, iyo mirwi igizwe n’imirwi 3 yo mu gihugu ca Espagne,Ubudagi n’imirwi ibiri, Ubutaliyano, Ubwongereza n’Ubufaransa biserukiwe n’umurwi umwe umwe.

Umurwi wa Bayern Munich wo mu gihugu c’Ubudagi uzohura na Real Madrid wo muri Espagne, Barcelona wo muri Espagne uzohura na Juventus wo mu Butaliyano, Borussia Dortmund uzohura na Monaco wo mu Bufaransa, mu gihe Atletico Madrid wo muri Espagne uzohura na Liecester wo mu Bwongereza.

Barcelona uzohura na Juventus inyuma yuko iyo mirwi ihuye mu gice ca nyuma c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya mu mwaka w’i 2015.Umurwi wa Barcelona watsinze Juventus ibitsindo bitatu kuri kimwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.