Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions: Hamaze kumenyekana uko imirwi izohura muri 1/4 gishira (...)
Ligue des Champions: Hamaze kumenyekana uko imirwi izohura muri 1/4 gishira ica nyuma
samedi 18 Ntwarante 2017
Imirwi umunani yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya,yamenye ingene izohura.
Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwaka wa 2017 niho haba igikorwa co gutora uko imirwi izhura mu gice ca kane gishira ica nyuma, iyo mirwi igizwe n’imirwi 3 yo mu gihugu ca Espagne,Ubudagi n’imirwi ibiri, Ubutaliyano, Ubwongereza n’Ubufaransa biserukiwe n’umurwi umwe umwe.
Umurwi wa Bayern Munich wo mu gihugu c’Ubudagi uzohura na Real Madrid wo muri Espagne, Barcelona wo muri Espagne uzohura na Juventus wo mu Butaliyano, Borussia Dortmund uzohura na Monaco wo mu Bufaransa, mu gihe Atletico Madrid wo muri Espagne uzohura na Liecester wo mu Bwongereza.
Barcelona uzohura na Juventus inyuma yuko iyo mirwi ihuye mu gice ca nyuma c’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya mu mwaka w’i 2015.Umurwi wa Barcelona watsinze Juventus ibitsindo bitatu kuri kimwe.
IGIHE
Messages
18 Ntwarante 2017, 12:35, par Gerard Sindimwn
yamajambo afa(....)ba leal bahora bavuga ubu agombaje ahabona.
23 Ntwarante 2017, 21:36, par JANVIER
AMAKURU YINKINO 2017
24 Ntwarante 2017, 15:26, par ANICET
Real madrid ifise amanota angahe?
30 Ntwarante 2017, 09:18, par Manirakiza Danipfody
Baricelona Ndayipfurije Gutinda Juvantus 5-0
7 Ndamukiza 2017, 19:17, par Jackson
Leal Madrid Izotsinda 2 Kubusa Canke 1
7 Ndamukiza 2017, 20:34, par Jackson
Barcelona Izotsindwa 4 Kubusa
10 Ndamukiza 2017, 17:30, par Niyonzima Eric
Barça Izotsinda 2 K’ubusa Bwa Juventus
10 Ndamukiza 2017, 17:32, par Niyonzima Eric
Barça Izotsinda 3 Kuri Kimwe Ca Juventus
12 Ndamukiza 2017, 23:43, par Neuftalie
naho barça yatsinzwe turindiye gusubiriza
18 Ndamukiza 2017, 02:33, par PATRICK
NSHAKA BARISERONAICINDWE IGIKOMBEKIJEMWUBWONGEREZA REKANA NA CHELSEA
6 Ruheshi 2017, 15:55, par NIZEYIMANA ERIC
UBU MUR ESPAGNE HAGIYE KUBA AMAHIGANWA AYAHE?