Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions : Imirwi ine izokina 1/2 gishira ica nyuma yamaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions : Imirwi ine izokina 1/2 gishira ica nyuma yamaze (...)

Ligue des Champions : Imirwi ine izokina 1/2 gishira ica nyuma yamaze kumenyekana

jeudi 12 avril 2018

Urukino rwo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, umurwi Bayern Munich wo mu Budagi wanganije ubusa k’ubundi na FC Seville wo muri Espagne, Real Madrid utsindwa na Juventus de Turin ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Bayern Munich waronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, kuko mu rukino rwa mbere watsinze Seville ibitindo bibiri kuri kimwe, mu gihe Real Madrid wowo mu rukino rwa mbere, wari watsinze Juventus de Turin ibitsindo bitatu ku busa.

Imirwi ibiri ya mbere yari yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, ni Liverpool wo mu Bwongereza na na AS Roma wo mu Butariyano.

Mu nkino zabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018, AS Roma watsinze FC Barcelone ibitsindo bitatu k’ubusa, mu gihe Liverpool watsinze Manchester City ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Igikorwa co gutora uko imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, kizoba kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, mu gihe inkino zo gutangura zitegekanijwe kw’igenekerezo rya 24 na 25 Ndamukiza, izo gusubiriza zikazoba ku magenekerezo ya 1 na 2 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.