IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions : Real Madrid yatsinze Bayern Munich mu rukino rwa (...)

Ligue des Champions : Real Madrid yatsinze Bayern Munich mu rukino rwa mbere rwa 1/2 gishira ica nyuma

jeudi 26 avril 2018

N’urukino kuva mu ntango imirwi yose yagumye yerekana ko ikomeye kandi ishaka intsinzi, naho ku ruhande rw ‘umurwi wa Bayern Munich watakaje abakinyi babiri bari bitezweko vyinshi,mu gice ca mbere bivuye ku mvune.

Ku munota wa 28 w’urukino, ku mupira mwiza ahawe na James Rodriguez, Joshua Kimmich yinjije igitsindo ca mbere acishije mu nfuruka, ariko ku munota wa 44, Marcelo wa Real Madrid arakigombora, igice ca mbere gica gihera ari igitsindo kimwe ku kindi.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi Bayern Munich wagumye usatira n’imipira iva mu ruhande rw’ibubanfu y’umukinyi w’umufaransa Franck Ribery, ariko ntiwashobora kuronka igitsindo.

Ku munota wa 57, umukinyi Marco Asensio wa Real Madrid yinjije igitsindo ca kabiri ca Real Madrid, urukino ruca ruhera ku ntsinzi ya Real Madrid y’ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Mu rukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, rwabaye kuwa kabiri, umurwi Liverpool wo mu Bwongereza watsinze AS Roma wo mu Butariyano, ibitsindo bitanu kuri bitatu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.