IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions : Real Madrid yatahukanye igikombe ku ncuro ya gatatu (...)

Ligue des Champions : Real Madrid yatahukanye igikombe ku ncuro ya gatatu yikurikiranya

lundi 28 mai 2018

Kuva ku munota wa mbere w’urukino, imirwi yose yarerekanye ko ikeneye gutahukana igikombe, bituma bakinisha inguvu n’ubukerebutsi bwinshi, ku buryo ku munota wa 30 gusa umukinyi Mouhamed Salh yavuye mu rukino anyuma yo gukomereka.

Naho igice ca mbere c’urukino caheze imirwi yose inganya ubusa ku bundi, ku munota wa 51, kw’ikosa ridakunze kuboneka mu rukino rw’umupira w’amaguru, umunyezamu wa Liverpool yatereye umupira n’ukuboko agomba kuwuha abakinyi b’inyuma, aca asanga yawushize ku kuguru kwa Karim Benzema, gutyo igitsindo ca mbere ca Real Madrid kiraboneka.

Ku munota wa 55, umukinyi w’umuyasenegal Sadio Mane, akinirav umurwi Liverpool, yinjije igitsindo ca Liverpool, gutyo banganya igitsindo kimwe ku kindi, ariko ku munota wa 63, inyuma y’umwanya muto yinjiye mu kibuga, Galet Bale yinjije igitsindo ciza cane, gishobora no kuba mu vyaranze ihiganwa.

Urukino rwabandanije kutorohera umurwi wa Liverpool, mbere ku munota wa 83, Galet Bale yinjiza igitsindo ca gatatu, urukino ruca rurangira ari ibitsindo bitatu vya Real Madrid ku gitsindo kimwe ca Liverpool.

Umurwi Real Madrid utwaye igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya, ku ncuro ya gatatu wikurikiranya.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Kuvyabaye Kuwagatandatu Kwigenekerezo Rya Le26 05 2018 Ndashimira Nacanecane Bale Yashoboye Kuba Atsinda Ibitsindo Bigera Kuri 2 Bigatuma Turonka Igikombe Hamwe Nabandi Ndabashimiye Nukuri Baragerageje. Kimwe Gusa Ikintu Kigarutse Kumbabaza Munyuma Yaho Nikimwe : Ndababajwe Nokuba Umumenyereza Zinedine Zidane Atanga Imihoha Agaheba Kumenyereza Uwo Murwi. Kuko Bizotuma Cristiano Ronaldo Na Marcero Nabonyene Bava Muruwo Murwi. Rero Ico Nosaba Nuko Uwo Mumenyereza Zinedine Zidane Yoguma Afashe Mumugongo Uwo Murwi Wa Real Madrid Akabandanya Awumenyereza. Kuko Ntawundi Mumenyereza Azohuza Nabakinyi B’umurwi Wa Real Madrid Nka Z.Zidane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.