Londres: Igitero c’abitwaje imbugita cahitanye batandatu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 Ruheshi 2017 saa 07:20
Yasomwe : 4995
0 0

Abantu batandatu nibo bapfuye abandi barenga 30 barakomereka mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uno wa gatandatu mu gisagara ca Londres mu gihugu c’Ubwongereza mw’ijoro ryo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruheshi 2017.

Amakuru ava mu gisagara ca Londres tukayakesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko hejuru yabo bantu batandatu bapfuye,hari na batatu mu bagize ico gitero bapfuye barashwe n’igipolisi.

Amakuru ava mu gisagara ca Londres amenyesha ko abagize ico gitero baje ari benshi bari mu modoka yo mu bwoko bwa Camionnette mu kibanza citwa London Bridge kirimwo abantu benshi baca batangura kubica bakoresheje imbugita.

Umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko abapolice baciye bihuta gutabara babanje kurwanya abo bagize ico gitero, mu bategetsi naho bakamenyesha ko ico ari igitero c’iterabwoba cakozwe .

Hari haheze indwi zibiri gusa habaye ikindi gitero mu gisagara ca Manchester,igitero cahitanye abarenga 20,mu gihe bari mu kibanza citwa Manchester Arena.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha