Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lumicash : Abanywanyi bahanahana amafaranga aciye muri Terefone (...)
Lumicash : Abanywanyi bahanahana amafaranga aciye muri Terefone ngendanwa
lundi 3 Ndamukiza 2017, par
Lumicash yatangujwe na Lumitel ni umuhora usigaye ukoreshwa cane n’abanywanyi b’iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako, bipfuza guhanahana amafaranga bakoresheje Terefone ngendanwa zabo.
Umunywanyi wa Lumitel ashobora ubu kubika amafaranga kuri konte yiwe ya Lumitel, kubikuza, kurungikira amafaranga abandi banywanyi ba Lumitel, kwigurira ama inite hamwe n’ukuriha ivyo aba yaguze mu mazu y’ubudandaji atandukanye.
Akabirya muri ivyo vyose, uretse umutekano uri mw’irungikwa ry’ayo mafaranga, umunywanyi aronswa akarusho k’ibice bitanu vy’ama inite aguze akoresheje Lumicash.

Ni uwuhe munezero urusha kuriha ivyo waguze mu mazu y’ubudandaji atandukanye, mu mazu y’ubunywero n’uburiro, ukoresheje amafaranga utarinze kuja gutondera muri banki?
Bishoboka ahantu hamwe honyene, ku banywanyi b’umuhora Lumitel udasiba kubazanira vyiza kandi bishasha.. Andika *163# hama ukurikize ivyo bakubwiye.
Ishirahamwe Lumitel ryarategekanije kandi mu bibanza vyose bibarizwamwo Lumicash, umuntu afasha abanywanyi, mu gihe bagize ibibazo mu gukoresha ubwo buhinga bw’ukurungikirana amafaranga aciye muri Terefone ngendanwa.

Ku bafise ivyo bashaka kubaza, bohamagara kuri nomero 100, canke bakishikira ahakorera Lumicash mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Abanywanyi barashobora kandi kwivuganira n’abajejwe kubakira, babicishije ku rubuga rwa Facebook kuri : www.facebook.com/lumitelburundi
IGIHE
Messages
8 Ndamukiza 2017, 13:57, par Niyongere Dieudonné
Nnemugihe Urungiye Umuntu 10000 Uriha Angahekumuhora?