Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lumitel yagenywe nk’umuhora wa mbere
Lumitel yagenywe nk’umuhora wa mbere
lundi 5 Kigarama 2016, par
Kuwa 29 Munyonyo 2016 mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza, igihe hariko hatangwa ubushimwe bwa “world communication awards 2016”, Lumitel yatewe iteka ryo kuronka ubushimwe bubiri bw’igiciro mu gisata c’amashirahamwe akomeye kw’isi no mu gisata c’amashirahamwe yateye intambwe bimwe biboneka mw’itumatumanako ry’amakuru.
Mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu, Lumitel yari yaronse umudari w’ifeza witiriwe “Startup of the Year” watanzwe na “International Business Awards 2016”. Mu kiringo c’amezi abiri gusa, Lumitel yaronse ubushimwe mpuzamakungu butatu bwose.

Umuhora wa Lumitel ufise ibibanza 600 birimwo ivyuma bifasha abanywanyi gutumatumanako amakuru hamwe na km 5,000 z’umuhora wa fibre optique ikwiragiye muma komine 129 kuri 129 agize igihugu c’Uburundi. Iryo shirahamwe ryatanguye ibikorwa muri Ntwarante 2015 ubu rikaba rifise abanywanyi bashika 1.500.000, ivyo bikaba ari ibice 46% vy’abakoresha terefone ngendanwa mu Burundi.
Uwo muhora kandi ni kizigenza mu guteza imbere ubuhinga bwa none mu ntumbero yo gushimisha abanywanyi bawo. Yarakwiragije hose ubuhinga bwa 3G mu Burundi biciye ku vyuma vyashizwe mu bibanza 266. Ninawo muhora wa mbere wazanye ingurukanabumenyi ya 4G mu Burundi. Ishingiye ku vyiza vy’umuhora wagutse kandi ushika hose, Lumitel yipfuza kwagura isoko mu kugwiza ikoreshwa ry’ihamagara, ubutumwa bugufi (message) na internet.
Vyongeye, Lumitel yarifatanije na Reta mw’iterambere ry’imibano mu gutanga amakarata yo kwivurizako kuri ba ntahonikora bo mu ntara za Makamba, Cibitoke na Kirundo.
Twobamenyesha ko “World Communication Awards” yatanguye mu mwaka w’1999, Agashimwe k’umuhora wa mbere gahabwa ishiramwe ryashoboye kumenyera kw’isoko ririko riratera imbere no gushobora gutora inyishu ku bibazo mu ntumbero yo gushikira iterambere mu budandaji no guteza imbere imibereho y’abanywanyi. Agashimwe k’izina nyaryo kw’isi gahabwa ishirahamwe ry’amamaye kandi ryamekanishije izina ryaryo hamwe no gushika kwihangiro ryishinze.

IGIHE
Messages
5 Kigarama 2016, 11:37, par FUSO
Sinababwiye ko iyumuhora ukomeye leo igiye kugara
5 Kigarama 2016, 14:29, par honga
si mu makomine yose basizeho izo 3G kuko aho mba ntizibaho. Bikebuke rero bazikwize hose!
5 Kigarama 2016, 20:10, par Murundi Yuzuye
lumitel iri juu
6 Kigarama 2016, 18:04, par ELIEZEL
Nimukwiragize Imirongo Mumihingo Yose Ya 4G
6 Kigarama 2016, 19:07, par Muco joe
Lumitel ninziza
6 Kigarama 2016, 20:00, par Desire
Emwe Jendawukunda cane narinzendirimba indirimbo iwuhayagiza kubera umuharawacu tuwukunda"LUMITEL N’UMUHORA"
7 Kigarama 2016, 02:04, par François Ntahomvukiye
Turabakeje Nimubandanye Muterimbere Nk’uzinga. Ariko Mutwibuka Natwe
7 Kigarama 2016, 07:41, par fifi
Simbona igituma babahay agashimwe.mugihe mwaray mudugij ibiciro vy’ama méga. Na k’akabonus ka Imcall mwaragahagaritse
8 Kigarama 2016, 21:03, par nem
safi lakini mume badilisha mwenendo siku hizi .
9 Kigarama 2016, 20:11, par keza
Lumitel nibaza ko ata mu dd yiyemera atayitunze ninaco gituma iguma ivuma kuko yaradukuyeko.ubuzimabbuzimvye igihe leo naEcoEco bari bivyimbije mukuvuza amahoni.iyo ndanavyibutse binyibutsa mujeri
13 Kigarama 2016, 12:21, par MVUYEKURE DENIS
AHO LUMITEL YADUKUYE NIYAGURE UBUHINGA ,MUKUTWEREKA BISHASHA BIGEZWEHO KURU LUMITEL.
13 Kigarama 2016, 12:21, par MVUYEKURE DENIS
AHO LUMITEL YADUKUYE NIYAGURE UBUHINGA ,MUKUTWEREKA BISHASHA BIGEZWEHO KURU LUMITEL.