Makamba : Ibitenge 223 vyari vyinjiye mu nzira za magendu vyafashwe n’igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 avril 2018 saa 10:32
Yasomwe :
0 0

Ibitenge 223 vy’umugabo azwi kw’izina rya MINANI Euphraim, aba mu Kayogoro, mu ntara ya Makamba, nivyo vyafashwe vyinjiye mu gihugu mu nzira za magendu mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018,bifatirwa mu bibanza bibiri bitandukanye vy’intara ya Makamba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko,ku mutumba Mayanze, zone Bigina, komine Kayogora, intara ya Makamba, nk’igihe c’isaha icumi na zibiri ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018, hafatiwe ibitenge 99.

Ibindi bitenge 109 vyafashwe nk’igihe c’isaha indwi n’igice z ‘ijoro , ku mutumba Butare, zone Kayogoro, komine Kayogoro, intara ya Makamba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abajejwe umutekano baciye babishikiriza abakozi b’ikigo OBR, bari kumwe na musitanteri wa komine Kayogoro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha