Incamake

Melchiade NZOPFABARUSHE yagirijwe kuvuga amajambo acanishamwo aridegenvya

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 21 June 2018 saa 12:04
27750
0 0

Melchiade NZOPFABARUSHE umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD yagirizwa ko yatanze ubutumwa burimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’ugutyoza umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi,aridegemvya kuva kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2018.

Amakuru atangwa n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko Melchiade NZOPFABARUSHE yidegemvya kuko yahanishijwe na sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura igihano c’amezi 4 mu gateganyo ku mwaka umwe.

Melchiade NZOPFABARUSHE yagirijwe ko kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018, muri komine ya Kabezi, yashikirije amajambo arimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’ugutyoza umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Ayo majambo yayashikirije abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bari mu nama uwo Melchiade NZOPFABARUSHE yari yatumiwemwo.

Umushikirizamanza mukuru yamusabiye kuri ivyo vyaha vyose yagirizwa umunyororo w’imyaka itandatu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana atatu.

Inyuma y’umwiherero yamaze nk’iminota mirongo itatu, Sentare nkuru ya Bujumbura yamuciriye umunyororo w’imyaka itatu.

Umushingwamanza Alexandre NDIKUMANA, aburanira Melchiade NZOPFABARUSHE ico gihe yamenyesheje ko atashimye urubanza rwaciriwe uwo aburanira, agiye kwunguruza.


Kumenyekanisha

1
Iyako 24-06-2018 à 11:19

Merchiade wo mu Burundi ni Léon Mugesera wo mu Rwanda.Ntabatere ikibazo n’ubwoba amateka azabimubaza.Ni ikibazo cy’igihe gusa.

2
Busurahende 22-06-2018 à 09:26

Mwari muzi yuko ubucamanza bw’i Burundi buca izimeze gute? Amakinamico gusa. Nta wafatiye inkoho ku banyamahanga izuba ryaka ashaka kubashimuta amamiliyoni, bamufashe yaraye mu gasho umwanya ungani iki? Uwo Melchiade we yaravyivugiye ko "uwuhagarariwe n’ingwe avoma" none ubucamanza burabishize ahabona.

3
SIJUI 21-06-2018 à 21:16

REKA SHA REKA BARI BAZINANYE KUBERIKI UMUNTU AHERANIYE MUGENZIWE 20.000Frbu Ahera Mugasho Uyo Niwe Yotaha Ata Nukwezi Mucezo Wandani Huyo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha