Misiri : Igihugu ca Misiri cagiraniye amasezerano yo mw’ibanga na Isirayeri

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 5 février 2018 saa 12:40
Yasomwe :
0 0

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru Haaretz amenyesha ko igihugu ca Misiri coba cagiraniye amasezerano yo mw’ibanga n’igihugu ca Isirayeri kubijanye no gutera ibitero ku barwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu bari mu gace ka Sinayi.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko igihugu ca Misiri casavye Isirayeri kugifasha guhasha abarwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu ,ubu bimenyeshwa ko hamaze gukorwa ibitero 100.

Amakuru atangwa n’ico kinyamakuru amenyesha ko Isirayeri mu gukora ivyo bitero gikoresha indege zitagira abadereva,kajugujugu hamwe n’izindi ndege z’intambara ariko izo zose akaba atabendera zifise zerekana igihugu ca Isirayeri.

Haaretz kibandanya kivuga ko indege za Isirayeri zigaba ibitero nk’izivuye mu buraruko bwa Misiri kuko kizira kikaziririrwa kw’indege z’igihugu ca Isirayeri zigaba ibitero zivuye muri Isirayeri.

Ubu nta mumenyeshamakuru n’umwe yemerewe gushika mu gace ka Sinayi mu ntumbero ko ayo masezerano yo mw’ibanga yoshirwa ahabona.

Kuva mu mwaka w’i 1979 hasinywe amasezerano hagati ya Misiri na Isirayeri nta musirikare n’umwe yarangwa mu gace ka Sinayi, ariko igihugu ca Misiri cabwirije gusaba imfashanyo, kuko abarwanyi biyitirira Reta ya Kisiramu bamaze kwigarurira ako gace.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha