Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Miss 2017 : Ineza Synella Noria azofasha urwaruka kuganira n’abavyeyi
Miss 2017 : Ineza Synella Noria azofasha urwaruka kuganira n’abavyeyi
mercredi 19 Mukakaro 2017, par
Mu gihe yotorwa, umugambi yipfuza gushira mu ngiro ni ukuzofasha urwaruka mu kugiriranira ibiganiro n’abavyeyi babo, kugira rushobore guheba inzoga zonona kazoza k’urwaruka.
Mu gutora Ineza Synella Noria wandika Miss Kirundo, ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.
Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.
Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi.
- Ineza Synella Noria w’imyaka 19 aserukira intara ya Kirundo mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017
Vianney BIKORIMANA