IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yemeje ko agiye kuririmbira Imana

Mkombozi yemeje ko agiye kuririmbira Imana

mardi 19 Nyakanga 2017

Mkombozi yahora abica bigacika mu ndirimbo zirimwo ubutumwa bukomeye kandi zikanaryohera abazumviriza, ahejeje gutangaza ko asezeye kuririmba izo ndirimbo.

Thomas yavuze ko yageragejwe cane n’amadayimoni gushikana naho ahakwa ku mwaka ubuzima. Iyindi ntandaro yo gufata ingingo yo kuririmbira Imana, avuga ko igihe yaja kuramutsa sekuru uwo nawe akamwinjiza mw’isengero ari naho urugamba rukomeye rwo kurwana n’amadayimoni rwatangura.

Akamenyesha kandi ko Imana yamukijije incuro nyinshi, ari nako gufata ingingo kuko Imana yamukijije kenshi. Amajambo aramvuye yo kwihebera Imana, Mkombozi yayacishije mu butumwa yarungikiye abakunzi biwe aciye ku rubuga rwa facebook.

Tubibutse ko ayo madayimoni atera abaririmvyi yavuzwe kandi n’umuririmvyi Sugu Jay, aho nawe yahava afata ingingo yo kwihebera Imana no kuyiririmbira.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.