Mugina: Musitanteri avuga ko imigambwe ibanye neza muriyo komine

Yanditswe na IGIHE
Kuya 9 August 2018 saa 05:59
7620
0 0

Musintanteri wa komine Mugina mu ntara ya C’ibitoke, Jovithe BAYAVUGE amenyeshako abanywanyi b’imigambwe itandukanye babanye neza muri komine arongoye kandi iyo komine irangwamwo umutekano.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Jovithe BAYAVUGE yamenyesheje ko abanywanyi b’imigambwe itandukanye muri komine arongoye babanye neza atavyo gushwamirana hagati y’abo bihari kandi imitumba yiyo komine ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda nayo nyene irimwo umutekano.

Jovithe BAYAVUGE avuga ko bafise abajejwe umutenako bakwiye haba hagati muri komine arogoye canke ku mbibe iyo komine uhana n’Urwanda ariko kumvo z’umutekano ata bantu bahanahana ibidandazwa nabo mu Rwanda.

Jovithe BAYAVUGE yavuze ati:“Ku mvo z’umutekano nta bantu bahanahana ibidandazwa nabo mu Rwanda ariko nta wubuza imigenderanire biciye mu nzira zizwi.”

Uyo arongoye komine ya Mugina atera akamo abanyagihugu biyo komine gukunda ibikorwa,gufatana mu nda hamwe no kubumbatira umutekano n’amahoro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha