Mukike : Umunyeshuri ari mu minwe y’igiporisi yagirizwa ubusuma bw’inkoho

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 décembre 2017 saa 09:20
11355
0 0

Umunyeshuri avuka ku mutumba Mutobo, Komine Mukike, Intara ya Bujumbura Rural ari mu minwe y’igiporisi kuva mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 19 Kigarama 2017, yagirizwa kuba afise uruhara mu musuma bw’inkoho ku kirindiro c’igiporisi.

Uwo munyeshuri azwi kw’izina rya Vianney NIYOMWUNGERE. Amakuru ava i Mukike amenyesha ko iyo nkoho yatumye uwo munyeshuri afatwa yibwe ku kirindiro c’igiporisi ca Zone Rukina.

Ayo makuru nyene amenyesha ko Vianney NIYONGERE yahavuye afatwa na komanda w’ikambi ya Mujejuru, aca ajanwa gupfungirwa mu gasho ka parike mu Kabezi.

Uwo muneyshuri yiga mu mwaka w’icenda,abaye uwa gatatu afashwe,inyuma y’abandi basore babiri bafashwe kuwa mbere igenekerezo rya 18 Kigarama, bagirizwa ubusuma bw’iyo nkoho nyene.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha