Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko abo barekuwe bari bagizwe n’abagabo 121, hamwe n’abakenyezi 8, bose bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muramvya.
Igikorwa co kurekura abahora bapfunzwe bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu, catangujwe k’umugaragaro n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre NYANDWI, kuwa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, aho abababa 500 barekuwe.

Bitegekanijwe ko abanyororo barenga 2000 bazorekurwa mu mabohero atandukanye mu gihugu, ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Narekure ubutegetsi yivye nayo abanyororo bobo arekura ijana agasubira kwinjiza igihumbi.