IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya:Abanywanyi 3 ba FNL ya Agathon RWASA bari mu minwe y’igipolisi

Muramvya:Abanywanyi 3 ba FNL ya Agathon RWASA bari mu minwe y’igipolisi

samedi 18 Ntwarante 2017

Abanywanyi batatu b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bapfungiwe mu gasho ka komine Muramvya , bagirizwa ko bari mu bateguye igitero cabaye ku mutumba Kayange, muri komine Kiganda iri mu ntara ya Muramvya.

Umunyamabanga w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Muramvya amenyesha ko ari irementanya, kandi ata kindi catumye bahagarikwa atari uko bayoboka umushingamateka Agathon RWASA.

Abarongozi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Muramvya basaba ko barekurwa ata kibanje gusabwa kuko bariko bazira ubusa.

Ribaye incuro ya kabiri bahagaritswe, kuko mu mwaka uheze wa 2016, abo banywanyi nyene bari bahagaritswe bagirizwa gushinga inzego zitemewe n’amategeko ariko ubutungane burabeza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.