Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya:Abanywanyi 3 ba FNL ya Agathon RWASA bari mu minwe y’igipolisi
Muramvya:Abanywanyi 3 ba FNL ya Agathon RWASA bari mu minwe y’igipolisi
samedi 18 Ntwarante 2017
Abanywanyi batatu b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bapfungiwe mu gasho ka komine Muramvya , bagirizwa ko bari mu bateguye igitero cabaye ku mutumba Kayange, muri komine Kiganda iri mu ntara ya Muramvya.
Umunyamabanga w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Muramvya amenyesha ko ari irementanya, kandi ata kindi catumye bahagarikwa atari uko bayoboka umushingamateka Agathon RWASA.
Abarongozi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Muramvya basaba ko barekurwa ata kibanje gusabwa kuko bariko bazira ubusa.
Ribaye incuro ya kabiri bahagaritswe, kuko mu mwaka uheze wa 2016, abo banywanyi nyene bari bahagaritswe bagirizwa gushinga inzego zitemewe n’amategeko ariko ubutungane burabeza.
IGIHE
Messages
19 Ntwarante 2017, 20:19
ibintuvyikigihe birangoye kwel imana ibazingame kand ibakure murakokanga.