Musigati : Umukuru w’umutumba Mpishi yafashwe

Yanditswe na
Kuya 17 Rusama 2017 saa 05:09
Yasomwe : 9891
0 0

CIZA Gerard, umukuru w’umutumba Mpishi uri muri komine Musigati, mu ntara ya Bubanza ari mu gasho kuva kuri uwu wa kabiri, akaba yagirizwa ko yariko arondera ingene yopfunguza abantu babiri bafashwe mu ndwi iheze.

Abo bafashwe mu ndwi iheze bariko bimba ubutare mw’ishamba rya Kibira, akagirizwa kandi ko akorana n’abimba mu kinyegero ubwo butare bwo mu bwoko bwa "Coltan"

Uwo mukuru w’umutumba yafashwe afise amafaranga bivungwa ko yashaka gukoresha mu kubapfuza. Abajejwe intwaro muri komine Musigati bagasaba ko uwo mugabo yociribwa urubanza rw’ikibiriraho, kuko vyari binavugwa ko abkorana n’abimba ubutare budandazwa kuri magendu


Kumenyekanisha

1
sg 17-05-2017 à 19:29

gsg

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha