Muyinga :Abagirizwa urupfu rw’uwugendesha ipikipiki baciriwe umunyororo wo guherayo

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 25 mai 2018 saa 01:36
16695
0 0

Sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga yahanishije umunyororo wo guherayo abagirizwa urupfu rw’uwunguruza abantu akoresheje ipikipiki,bamuhamba muri karitiye Gasenyi yo mu gisagara ca Muyinga, bongera batwara ipikipiki yiwe.

Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare Ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko abaciriwe uwo munyororo wo guherayo ari NKORERIMANA Jonathan batazira gapero, NIYONKURU Moussa batazira Nzogaruza hamwe na NDAYIRAGIJE Abdallah.

Ayo makuru amenyesha ko bagiriwe n’icaha co kugandagura bunyamaswa uwo mu motari bongera bamuhamba bonyene mu ngundu y’igitoke mu gisagara ca Muyinga karitiye Gasenyi baca batwara ipikipiki yiwe.

Abdallah NDAYIRAGIJE ku giti ciwe yagiriwe n’icaha c’uko yongeye afatanwa amasasu menshi .


Kumenyekanisha

1
SAMUEK 26-05-2018 à 19:51

abobaribakwiye.gupf.reta.yosubizaho.igihanocogupfa

2
Daniella 25-05-2018 à 20:32

Reta,nisuabizeho,igihano,cogupfa,ivyaha,vyaha,uyabaye,vyishi,muBurundi.!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha