Accueil > Amakuru > Poritike > NGENDAKUMANA:’’ Abatumiwe mu biganiro ni abegwa n’ikibazo c’Uburundi’’
NGENDAKUMANA:’’ Abatumiwe mu biganiro ni abegwa n’ikibazo c’Uburundi’’
lundi 13 Ruhuhuma 2017
Kuva kw’igenekerezon rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya hazotangura ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’umufasha w’umuhuza Benajmin Mkapa.Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko yizeye ko ivyo biganiro bizogira ico bishitseko.
Leonce NGENDAKUMANA avuga ko hejuru y’ibibazo vy’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro,ibibazo bijanye n’indero hamwe n’ubukene navyo vyoganirwako n’abanyapolitike bazokwitaba ibiganiro.
Kubwa Leonce NGENDAKUMANA, abanyepolitike bakwiye kwisunga ubukene abarundi babayemwo muri iki gihe, gukira bafashe gutora inyishu y’ibibazo vya politike mu maguru masha amazi atararenga inkombe.
Leonce NGENDAKUMANA akemeza kandi ko abatumiwe mu biganiro ari abegwa koko n’ibibazo vya politike biri mu Burundi.
IGIHE
Messages
14 Ruhuhuma 2017, 09:22, par Ntakirutimana AL Joel
Urabeshe mushingantahe NGENDAKUMANA !imigabwe yatumiwe isazwe irihano muburundi bamwe nabahungu ba Petero Nkurunziza basazwe bacurikumutwe hamwe mukununuza twebwabarundi. kubwivyo aberwa nibiganiro, MKAPA ataratanga imihoho ntamusi bazohonyoza ikirenge Tanzania, hamwe nivyo barya bazogenda turabazi abaribo, bamwe bari mukudandaza benewabo babicisha, biyitirira ngo nubwoko bwabatutsi!, umututsi canke umuhutu akunduburundi nabarundi ntawuraboneka hano muburundi!, abatwirirwa turabona bahindisha amagari canke imiduga, ntacobamaze nabaronderera indazabo gusa.Uwotira akarembe agashika ngaha muburundi akitegereza abana nabakenyezi ukuntu basigaye bagara kumagufa nakamaramaza!? abonavuze aho hejuru igikorwa cabo nukwiba ubutunzi bwigihugu batwara kuryegeza mubindi bihugu, ahokwiyumvira gutabara ibibondo biriko biramarwa nakwashi. Nibatembe twarabahinyuye icobazi nukwica benukura indero! ahobasigaye birirwa baracokora abobahora basaba utwobarira, arivyo vyabihugu vyirirwa birasemerera ngobahagarike gutikiza abenigihugu.
14 Ruhuhuma 2017, 22:50, par Musa Gerevazi
Ndemeye Ivyo Rewmwonsi Avuze Guko Abarundi Beshi Twishwe Nubukene
15 Ruhuhuma 2017, 09:22, par MURUNDI
NTA MUHUTU NTA MUTUTSI BIKWIYE KUBA MUBURUNDI,KUBERA IKI MUSHAKA GUTABAGAZA UBURUNDI?RABA MURI TANZANIA,CONGO AND UGANDA,THE BURUNDIANS ONLY COVETOUSINESS THAT WE HAVE,THE BURUNDIANS MIGHT BE CALLED IN ONE NAME,SO,DO I ASK YOU?DO YOU KNOW IT? THANKS TO EVERY WHO WILL READ THIS MESSAGE!
15 Ruhuhuma 2017, 14:38, par kayuki
mutama uvuga ukuri ningorane ubukene buraturembej.