Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
NGENDAKUMANA:’’ Abatumiwe mu biganiro ni abegwa n’ikibazo c’Uburundi’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > NGENDAKUMANA:’’ Abatumiwe mu biganiro ni abegwa n’ikibazo c’Uburundi’’

NGENDAKUMANA:’’ Abatumiwe mu biganiro ni abegwa n’ikibazo c’Uburundi’’

lundi 13 Ruhuhuma 2017

Kuva kw’igenekerezon rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya hazotangura ibiganiro bihuza abarundi bihagarikiwe n’umufasha w’umuhuza Benajmin Mkapa.Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko yizeye ko ivyo biganiro bizogira ico bishitseko.

Leonce NGENDAKUMANA avuga ko hejuru y’ibibazo vy’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro,ibibazo bijanye n’indero hamwe n’ubukene navyo vyoganirwako n’abanyapolitike bazokwitaba ibiganiro.

Kubwa Leonce NGENDAKUMANA, abanyepolitike bakwiye kwisunga ubukene abarundi babayemwo muri iki gihe, gukira bafashe gutora inyishu y’ibibazo vya politike mu maguru masha amazi atararenga inkombe.

Leonce NGENDAKUMANA akemeza kandi ko abatumiwe mu biganiro ari abegwa koko n’ibibazo vya politike biri mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Urabeshe mushingantahe NGENDAKUMANA !imigabwe yatumiwe isazwe irihano muburundi bamwe nabahungu ba Petero Nkurunziza basazwe bacurikumutwe hamwe mukununuza twebwabarundi. kubwivyo aberwa nibiganiro, MKAPA ataratanga imihoho ntamusi bazohonyoza ikirenge Tanzania, hamwe nivyo barya bazogenda turabazi abaribo, bamwe bari mukudandaza benewabo babicisha, biyitirira ngo nubwoko bwabatutsi!, umututsi canke umuhutu akunduburundi nabarundi ntawuraboneka hano muburundi!, abatwirirwa turabona bahindisha amagari canke imiduga, ntacobamaze nabaronderera indazabo gusa.Uwotira akarembe agashika ngaha muburundi akitegereza abana nabakenyezi ukuntu basigaye bagara kumagufa nakamaramaza!? abonavuze aho hejuru igikorwa cabo nukwiba ubutunzi bwigihugu batwara kuryegeza mubindi bihugu, ahokwiyumvira gutabara ibibondo biriko biramarwa nakwashi. Nibatembe twarabahinyuye icobazi nukwica benukura indero! ahobasigaye birirwa baracokora abobahora basaba utwobarira, arivyo vyabihugu vyirirwa birasemerera ngobahagarike gutikiza abenigihugu.

  • Ndemeye Ivyo Rewmwonsi Avuze Guko Abarundi Beshi Twishwe Nubukene

  • NTA MUHUTU NTA MUTUTSI BIKWIYE KUBA MUBURUNDI,KUBERA IKI MUSHAKA GUTABAGAZA UBURUNDI?RABA MURI TANZANIA,CONGO AND UGANDA,THE BURUNDIANS ONLY COVETOUSINESS THAT WE HAVE,THE BURUNDIANS MIGHT BE CALLED IN ONE NAME,SO,DO I ASK YOU?DO YOU KNOW IT? THANKS TO EVERY WHO WILL READ THIS MESSAGE!

  • mutama uvuga ukuri ningorane ubukene buraturembej.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.