IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Abanyororo 490 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

Ngozi : Abanyororo 490 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

vendredi 16 février 2018

Uko ari 490 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, bagizwe n’abagabo 430, hamwe n’abakenyezi 60, bose bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ngozi.

Abo banyororo bapfunguwe ku kigongwe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze, mw’ijambo yashikirije abarundi, abipfuriza umwaka mushasha wa 2018, kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017.

Umukuru w’igihugu yavuze ko abagiriwe ikigongwe ari abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa,abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi ; bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

Bitegekanijwe ko abashika 2000 mu gihugu cose, aribo bazorekurwa muri ico gikorwa bitegekanijwe ko kizobandanya no mu yandi mabohero ari mu gihugu.

Ibohero rikuru rya Ngozi ryari risanzwe ririmwo abanyororo b’abagabo 1700, hamwe n’abakenyezi 151.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.