Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi: Amafaranga n’ibindi bikoresho vyafashwe mu gikorwa co gusaka (...)
Ngozi: Amafaranga n’ibindi bikoresho vyafashwe mu gikorwa co gusaka mw’ibohero
mercredi 5 Mukakaro 2017
Umuvugizi w’igiporisi yamenyesheje ko amafaranga yafashwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ngozi arenga gato umuriyoni umwe w’amarundi.

Igikorwa co gusaka cabereye kandi kuri uwu wa gatatu mw’ibohero rikuru ry’intara ya Gitega mu kibanza gipfungiwemwo abagirizwa urupfu rwa General Adolphe NSHIMIRIMANA, abagirizwa igitero cakozwe kuri General Prime NIYONGABO umugaba w’ingabo z’Uburundi, hamwe n’abagirizwa ibitero vyakozwe ku makambi y’igisirikare c’Uburundi muri Kigarama 2015.


MUGISHA Van Naris