Ngozi : Umuhuza w’abarundi yatanze intererano y’amatora ya 2020

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 février 2018 saa 01:57
25230
0 0

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yatanze intererano y’amatora mw’ibanki nkuru y’igihugu,, mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yatanze amafaranga imiriyoni zitatu z’amarundi, mw’ibanki nkuru y’igihugu, mu gisata cayo mu ntara ya Ngozi.

Abategetsi b’igihugu batari bake baramaze guterera amatora, kuva ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yatanze imiriyoni zitanu z’amarundi, ayacishije mu gisata c’Ibanki Nkuru y’Igihugu mu ntara ya Ngozi nyene.

Mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


Kumenyekanisha

1
Nzeyi 17-02-2018 à 20:21

Turi mubukene nta terambere bobo ikibaraje inshinga nugutora none igihugu cacu kizogarukira hehe ?????

2
Busurahende 17-02-2018 à 14:48

Igitigiri c’amahera akenewe kiramaze gukwira kuko ayari abuze umuhuza yaraye ayasizemwo. Ntihagire rero uwo bazosubira kugora bakata umushahara canke bamwaka amananiza

3
Tharcisse Musavyimana 17-02-2018 à 12:51

Ndabaramikije twebwe turi hanze turifuza kuterera mu matora naho tutazoyajamwo kubera Ata wuduserukira muri iki gihugu tukaba twifuza ko tworonswa No za Conte twoshirako ayo turonse kugirango duterere igihugu cacu Murakoze

4
ETIENNE ninteretse 17-02-2018 à 08:49

Nipfuza kuronka amakuru daily

5
ETIENNE ninteretse 17-02-2018 à 08:47

Zamurampa amakuru

6
kankindi 16-02-2018 à 17:23

bafise menshi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha