Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Niger : Abantu 14 bishwe n’abasirikare ba Reta
Niger : Abantu 14 bishwe n’abasirikare ba Reta
vendredi 7 Mukakaro 2017, par
Abajejwe intwaro muri Diffa bamenyesha ko abasirikare barashe abantu 14 b’abanyagihugu batari bitwaje ibigwanisho mu gace ka Abadam hafi y’urubibe rwa Nigeria.
Amakuru ava aho mu gihugu ca Niger amenyesha ko abantu bo muri ako gace bataye izabo mu buseruko bushira ubumanuko mu gice ca Diffa babuzwa kuja kuraba ivyabo, ariko bamwe muribo bakaba barenga ayo mategeko bakaja kuraba imirima yabo.

Ayo makuru abandanya avuga ko abo abanyagihugu batewe mu gihe bari bavuye kuraba imirima yabo i Abadam.
Umunyamabanga mukuru wo muri Diffa Yahaya Godi yavuze ko agace ka Abadam kari ahantu umutekano wifashe nabi, kandi ko ata muntu yemerewe kujayo, uwubirenzeko agafatwa nk’umunywanyi wa Boko Haram.
Mwomenya ko ibice bigize Diffa vyasinzikajwe cane n’ibitero bikorwa n’umugwi wa Boko Haram, mu misi itatu iheze abo banywanyi bakaba barishe abantu 9 bongera baranyuruza n’abandi harimwo abana.
Vianney BIKORIMANA
Messages
8 Mukakaro 2017, 21:18, par M J
NIBAHAGARIKE INTAMBARA BIHANE,BAREKE IVYAHA.KUKO INTAMBARA NIY’UHORAHO.