IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Abakirisu 14 bishwe barashwe bavuye gusenga

Nijeriya : Abakirisu 14 bishwe barashwe bavuye gusenga

mardi 2 janvier 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ijwi rya Amerika, umuriro w’amasasu wumvikaniye mu gisagara ca Omoku, ku birometero 90 vy’igisagara Port Harcourt muri Reta ya Rivers ahari amahinguriro menshi y’ibitoro.Ayo masasu yahitanye abantu 14 nayo 12 barakomereka.

Ugochi Olugbo, umuvyeyi w’uwahitanywe n’igitero, avuga ati : « Abantu bitwaje ibirwanisho bakije umuriro ku bakirisu bariko barasenga mw’ijoro nk’isaha zitandatu n’igice :»

Nnandi Omoni, uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru mu giporisi avuga ko uruhigi rw’abishe abo bakirisu ruriko rurakorwa kugira bafatwe bashikirizwe ubutungane.

Uwo ajejwe kumenyesha amakuru mu giporisi ca Nijeriya, avuga kandi ko igitigiri ntabanduka c’abahitanywe n’ubwo bwicanyi kitaramenyekana.

Naho isanganywe amahinguriro y’igitoto, Reta ya Rivers yugarijwe n’ubukene budasanzwe, imigwi myinshi y’abagizi ba nabi ikaba igisibije.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.