OLUCOME : Ingingo y’ugukura amakori ku biribwa bimwe bimwe ntaco yamaze"

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 juillet 2017 saa 11:31
Yasomwe : 9981
0 0

Mu gihe hasigaye iminsi ibiri gusa kugira ingingo Reta yari yafashe y’ugukura amakori n’amatagisi ku bidandazwa bimwe bimwe ihere, mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko iyo ngingo itagiriye akamaro abanyagihugu, kuko ivyari gutuma iyo ngingo igira akamaro bitakozwe.

Mw’ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatunga ya Reta bamenyesha ko ingingo z’imperekeza zitafashwe.

"Bafata ingingo kugira banezereze abantu, ariko izo ngingo bafashe ntiziheze ngo zikurikirane n’ibikorwa nyavyo. Mugende murabe kw’isoko musanga kubera vyahuriranye n’iyimbura, umuceri n’ibiharage vyakuweko ijana rimwe kandi vyaduze kabiri."

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mw’ishirahamwe OLUCOME banegura kandi ko itegeko rivuga ibidandazwa vyakuweko amakori ryaje ritevye, inyuma ya hafi indwi zitatu umukuru w’igihugu yemeje iryo tegeko. Aho ni mu gihe iryo tegeko nomero 1/010 ryo kuwa 27 Ndamukiza 2017 vyari bitegekanijwe ko ritanguye gushirwa mu ngiro uwo munsi nyene riterwako umukono, nk’uko vyari biri muri iryo tegeko ryemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ariko urutonde rw’ivyo bidandazwa rukaba rwasohotse kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2017, ni ukuvuga inyuma y’indwi zibiri iryo tegeko ryemejwe.

Kuba iyo ngingo yahuriranye kandi n’iyimbura, muri OLUCOME bavuga ko vyari bigoye gusuzuma ko yagiriye akamaro abanyagihugu.

"Nico gituma twari twasavye ko Reta yategerezwa gushiraho iyo ngingo mu kiringo c’umwaka wose, hakajaho n’umurwi w’abashingamateka bokurikira ko iyo ngingo itariko yungukira abadandaza, abanyagihugu ataco bariko barahatora.", uko niko Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME abivuga, akamenyesha kandi ibishorwa hanze n’ivyinjira bivuye hanze biza mu Burundi bitandukanye cane, ari naco gituma Reta igurira ibintu vyinshi hanze mu gihe yimbura bike ishora hanze.

Ivyo biribwa vyakuweko amakori ni inyumbati, ifu y’imyumbati, intete z’ibigori, ifu y’ibigori, umuceri hamwe n’ibihagage vyumye.

Iyo ngingo izohera kuri uwu wa kane igenekerezo rya 27 Mukakaro 2017


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha