Incamake

OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza gutumako ibiganiro mu maguru masha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 mai 2018 saa 09:17
9420
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME, rimenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye atabayakurikirana ashobora gutuma Uburundi bukumirwa mu bijanye n’ubutunzi. Iryo shirahamwe risaba umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi, gutumako ibiganiro mu maguru masha, kugira abanyagihugu ntibabandanye kuba mu bukene.

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel RUFYIRI yandikiye umufasha w’umuhuza, Benjamin Mkapa, amenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro yabaye hatabajijwe impande zose, vyunyurwa n’uko ata gihugu na kimwe canke ishirahamwe mpuzamakungu ryarungitse abakurikirana ayo matora, gushika naho hari ibihugu vyanse ko ayo matora abera ku butaka bwavyo.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko, kuba amashirahamwe mpuzamakungu, ibihugu hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike atarungitse indorerezi z’amatora, vyerekana ko badashigikiye ayo matora kubw’abo yaranzwe n’utunenge twinshi.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha umufasha w’umuhuza, ko kuba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro atashigikiwe n’abari basanzwe bafasha Uburundi, bishobora gutuma n’izindi mfashanyo zihagarikwa mu gihe zashika ibice 30 kw’ijana vy’amafaranga Reta ikoresha, abarundi bakabandanya baja mu bukene butagira izina.

JPEG - 83.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rigahamagarira abahagarariye amasezerano ya Arusha, gufasha kugira hatunganywe ibiganiro mu maguru masha, kugira ibintu ntibibandanye vyunyuka mu bijanye n’ubutunzi, nayo uwokwanka kwitaba ibiganiro agafatirwa ingingo zikomeye.


Kumenyekanisha

1
Mama 26-05-2018 à 00:39

@Eli, wewe btiwumvuse kwicipfuzociwe kwaruko nginimfashanyo yobihabwa uburundi yobishika 30% boyihagarika abayitanga mugihe bomukundira !!!

2
Eli 25-05-2018 à 09:45

Mbe olicom akazi kayo nukugaya gusa ?! Sindumva aho bashima ivyakozwe burigihe numva ijambo <kunegura>

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha