OLUCOME isaba umukuru w’inama nshingamateka gufasha guhagarika intererano igenewe amatora

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 29 janvier 2018 saa 11:42
7890
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire no gusesagura amatungo ya Reta OLUCOME ,risaba umukuru w’inama nshingamateka gutegeka Reta y’Uburundi kugira ikureho itegeko nshikiranganji ryo ku wa 11 Kigarama 2017 ryerekeye guterera amatora.

Mw’ikete iryo shirahamwe ryashize ahabona kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2018,Gabriel RUFYIRI amenyesha ko, iryo tegeko ryasohowe n’ubushikiranganji bubiri riciye kubiri n’ibwirizwa shingiro, kuko ritubahirije uko amafaranga ya Reta atozwa, ibijanye n’amafaranga Reta ikoresha, hamwe n’amategeko ajanye n’amafaranga atozwa haba mu makomine canke mu gisagara.

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME asigura ko amategeko yerekana ko intererano isabwa abanyihugu igihe habaye ikiza mu gihugu, nayo afatiye uko biri ubu,umunyagihugu azosanga ariko aterera intererano incuro zirenze 4.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME ryerekana ko umunyangihugu azotanga iyo ntererano ubwa mbere mu gutanga amakori n’amatagisi,ubwa kabiri mu gukatwa amafaranga ku mushahara wiwe,mu gutanga amafaranga basabwa n’ubushikiranganji kugira buterere muri ayo matora, hamwe n’amafaranga umuvyeyi atangira umwana wiwe akwije imyaka yo gutora.

JPEG - 64.2 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME riheza rivuga ko mu gihe amafaranga agenewe amatora atigeze amenyeshwa, abanyagihugu bariko baribwa amafaranga yabo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha