Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM ryashikrije aho rihagaze ku gikorwa c’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)
PARCEM ryashikrije aho rihagaze ku gikorwa c’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro
vendredi 23 février 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekeezo rya 23 Ruhuhuma 2018,umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA ,yamenyesheje ko amajambo agenda aravugwa n’abajejwe intwaro hamwe n’ingingo zifatwa babona ko biteye ubwoba kuko bishobora gutuma umutekano muke.
Ku vyerekeye guhamagarira abanyagihugu gutora Ego canke Oya, Faustin NDIKUMANA arngoye PARCEM, avuga ko abajejwe intwaro n’igiporisi bategerezwa kumenya ko aribo bajejwe gukingira abanyagihugu yaba uwiyumvira ego canke uwiyumvira Oya.
Muri ico kiganiro, Faustin NDIKUMANA yavuze ko mu gihe igenekerezo ryo kwigisha ego canke oya ritarashika, rikwiye kwubahirizwa na bose.
- Faustin NDIKUMANA,Umukuru w’ishirahamwe PARCEM
Faustin NDIKUMANA yavuze ati : “Nturekuriwe kwigisha ego nimba bitararekurwa ukowoba uri kwose,kandi naho nyene nturekuriwe kwigisha Oya nimba bitararekurwa,ntushobora kwiha uburenganzira bwo kwigisha ego canke oya kandi amategeko atarabirekura.”
Uwo mukuru wa PARCEM avuga ko urwego rw’umuhuza,umurwi w’igihugu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu CNIDH,ubutangane hamwe n’inama nshingamateka zidakwiye kuguma mu gacerere mu gihe hariho abantu bariko barahusha inzira.
PARCEM ritera akamo Reta n’abanyeporitike kuza baraganira ku vyohinduka mw’ ibwirizwa shingiro, kuko ariho vyogira ico bishikako ciza mu gihugu,abajejwe intwaro nabo basabwa kwirinda imvugo zo gutera ubwoba zihamagarira abantu guhungabanya umutekano.
Ishirahamwe PARCEM risaba urwaruka kwerekana akarorero keza muri kino gihe, rufatane mu nda rureke guhendwa n’abanyeporitike.
BIKORIMANA Vianney
Messages
25 février 2018, 14:42, par bukuru
Ariko abarundi muzahereza he mwicana ? abarundi mwese mwaravumwe