IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Pierre NKURIKIYE : "Ivyavuzwe n’abanyeporitike vyobazwa abanyeporitike (...)

Pierre NKURIKIYE : "Ivyavuzwe n’abanyeporitike vyobazwa abanyeporitike ubwabo"

mardi 1er Myandagaro 2017

Pierre NKURUKIYE avugira igiporisi amenyesha ko ibivugwa n’abanyeporitike vyobazwa abanyeporitike ubwabo kuko igiporisi ari urwego rw’ubuhinga rujejwe gukora amatohoza ku vyaha biba bishaka gukorwa canke vyarakozwe, hama amatohoza aheze bikarungikirwa ubutungane.

Pierre NKURIKIYE avuga ko iyo abanyeporitike bariko barakina umukino wabo wa poritike, atari igikorwa c’igiporisi, kuko igiporisi atari umugambwe.

Pierre NKURIKIYE yavuze ati : “ Ivyo tutababwiye biba vyavuzwe n’abanyeporitike vyobazwa bo.”

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko ivyo igiporisi kitamenyesheje bitaba bikenewe canke biba bitabayeho.

Mwomenya ko Jacques BIGIRIMANA yaheruka gusohora urwandiko mu ndwi iheze ruvuga ko iyo RWASA Agathon avuze ko umutekano wiwe ugeramiwe, aba ariko arategura ubwicanyi aho mu misi mike ashikirije ko umutekano wiwe ubangamiwe uca wumva imitego hirya no hino yatezwe mw’ibarabara ahandi naho ukumva abantu bishwe.

Jacques BIGIRIMANA yaciye asaba inama nshingamateka, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane ko bwofata ingingo zikenewe mu maguru masha, kuri ivyo vyagirijwe RWASA Agathon.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Nafatwe jacque we nyene ubwiwe abazwe ataguhengama hama abarundi nimusezerere ukubesheranira mwige kuvuga ukuri kuko izi ndyane zose ziri mugihugu cacu ziva kukutavugana ukuri nimuze duhige iterambere ryigihugu cacu mwoye guhangana ugushakisha kunguvu amaronko mutaruhiye mutesha abanyagihugu intumbero uburundi nubwabarundi Bose

  • Ndakomeye amashi nyakubahwa Pierre NKURIKIYE n’ umugabo w’ukuri.n’ukuri yishuye gishingantahe. ivyo vyashikirijwe na Jacques n’ umukino wa politique ,ahubwo Jacques nabibazwe kuko ivyo afise aho yavyumvise canke niwe nyene ariko abitegura.yomenya gute ivyo kumushingantahe Agathon yateguye ataco abiziko?

  • Ndakomeye amashi nyakubahwa Pierre NKURIKIYE n’ umugabo w’ukuri.n’ukuri yishuye gishingantahe. ivyo vyashikirijwe na Jacques n’ umukino wa politique ,ahubwo Jacques nabibazwe kuko ivyo afise aho yavyumvise canke niwe nyene ariko abitegura.yomenya gute ivyo kumushingantahe Agathon yateguye ataco abiziko?

  • Ngira mbaze umuvugizi w’igipolisi nimba azi ico ajejwe koko:"ikibazo kijanye n’ivy’umutekano habamwo ivya politike koko?,ikindi iyaba Nkurikiye yarazi ico ajejwe nakamaro Ku mutekano uno munsi Jacques Bigirimana yokabaye arimbere yinyamiramabi ariko arerekana ibimenyetso simusiga yabibona Rwasa akakwa iminité yabibura agafatwa nkumuntu ashaka kugumura igihugu nokuremeka inkono ishushe Rwasa hama agafungwa umunyororo uhwanye nuwo Rwasa yofunzwe yagiriwe n’icaha.
    Ikindi mfatiye kuvyo Jacques yashikirije akaba atarakorwa amatohoza biraboneka mu Burundi atabutegetsi buriho,atabutungane buriho ahubwo hari akarwi gatwara ibintu kuko kabishatse.Ndibaza iyo aza kuba ari nka nkuwundi munyepolitike yavuze aho biba bigeze.

  • Ahubwo Jacques politique si impano yiwe n’ahigire ahandi

  • jacque Arifis’ubwoba Bwo Gusubira Kuronka 0%mumatoro Ya 2020.Yiyumvira Yuko Rwasa Apfuye Abanamarimw Bose Bazoheza Bagakondorer’inyuma Yiwe.
    Mr Jacque,ntamunamarimwe Numwe Azokuj’inyuma.Rwasa Ukamwica Tuzotor’iyindi Ndongozi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.