Primus Ligue A : Inkino z’umunsi wa mbere w’igice co gusubiriza zamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 janvier 2018 saa 12:15
Yasomwe : 3681
0 0

Kuva kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018, ihiganwa ry’umupira mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi rizosubira gutangura mu gice caryo ca kabiri c’inkino zo gusubiriza. Urukino rwa mbere ruzohuza umurwi Flambeau de l’Est wo mu ntara ya Ruyigi n’umurwi LLBS4Africa, ku kibuga co mu Ruyigi.

Umunsi wa 16 w’ihiganwa Primus Ligue Burundi, ari nawo wa mbere w’igice ca kabiri c’inkino zo gusubiriza uzokinwa ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20 no kuw’Imana igenekerezo rya 21 Nzero 2018.

Gushika ku munsi w’Imana inkino zizokinwa uku gukurikira :

Mu gice ca mbere c’inkino zo gutangura, umurwi Messager Ngozi w’i Ngozi niwo uza mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza n’amanota 39, umurwi LLB S4 Africa ukaza mu kibanza ca kabiri n’amanota 38, umurwi Aigle Noir uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 34, umurwi Vitalo uza mu kibanza ca kane n’amanota 26.

Imirwi iza mu bibanza vya nyuma ni umurwi wa nyuma Delta Star ufise amanota 5, umurwi wa 15 ni Jeunes Athletics n’amanota 13, umurwi wa 14 ni Messager Bujumbura n’amanota 13, mu gihe umurwi wa 13 ari umurwi Ngozi City n’amanota 14.


Kumenyekanisha

1
MANIRATUNGA J CLAUDE 26-01-2018 à 20:07

NDI J CLAUDE NDI MU KAYOGORO NDANEZEREJWE NOKUBONA UMURWI WACU MESSAGE NGOZI ARI UWAMBERE NKAWIPFURIZA KWAMA UKWO MURIRYO HIGANWA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha