IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Primus Ligue : Ibitsindo 19 vyinjiye mu nkino zitanu z’umunsi wa (...)

Primus Ligue : Ibitsindo 19 vyinjiye mu nkino zitanu z’umunsi wa 24

jeudi 5 avril 2018

Mu nkino za mbere z’indwi ya 24, zabereye ku bibuga bitandukanye zo kur’uyu wa gatatu, imirwi yatsindanye uku :

Vitalo 1-0 Messager Bujumbura
Le Lierres 1- 4Olympic Star
Musongati 0- 0 Ngozi City
Inter Star 0-3 Flambeau de l’Est
Aigle Noir 10- 1 Les jeunes Athletiques.

Inyuma y’izo nkino za mbere zo ku munsi wa 24 w’ihiganwa, imirwi isumbanya uku gukurikira, ku rutonde nfatakibanza :

Messager Ngozi uza mu kibanza ca mbere n’amanota 56, ukurikirwa n’umurwi LLBS4 Afrika n’amanota 51, mu kibanza ca gatatu haza umurwi Aigle Noir n’amanota 48, mu kibanza ca kane ni Vitalo FC n’amanota 40.

Imirwi ibangamiwe cane ni : Delta Star uza mu kibanza ca nyuma ca 16 n’amanota 7, mu kibanza ca 15 haza umurwi Les Jeunes Athletiques n’amanota 17, mu kibanza ca 14 ni umurwi Messager Bujumbura n’amanota 21.

Kur’uno wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018, hategekanijwe inkino zitatu :

Delta Star - Messager Ngozi,
Athletico Olympic. - LLBS4Africa,
Bujumbura City - Flambeau du Centre


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.