Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primus Ligue: Imirwi itatu yaduze mu cicaro ca mbere yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus Ligue: Imirwi itatu yaduze mu cicaro ca mbere yamenyekanye

Primus Ligue: Imirwi itatu yaduze mu cicaro ca mbere yamenyekanye

lundi 3 Mukakaro 2017

Iyo mirwi ni Les Jeunes Athlétiques, Delta Star hamwe n’umurwi Flambeau du Centre waronse uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca mbere, inyuma y’urukino rwo gusubiriza rwawuhuje n’umurwi Burundi Sport Dynamik.

Mu rukino rwa mbere rwabaye kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi 2017 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE,umurwi Flambeau du Centre wari wanganije n’umurwi Burundi Sport Dynamik ubusa ku bundi.

Mu rukino rwo gusubiza rwabereye ku kibuga co mu ntara ya Gitega, umurwi Flambeau du Centre watsinze umurwi wa Burundi Sport Dynamik ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe.

Iyo mirwi itatu iduze mu cicaro ca mbere, igiye gusubirira imirwi Muzinga FC , Rusizi FC n’umurwi Magara Star yahejeje ihiganwa ry’umwaka uheze iri mu bibanza bitatu vya nyuma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.