RDC : Abantu 500 boba baraburiwe irengero mu mpanuka y’ubwato

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 1er mars 2018 saa 10:57
13200
0 0

Abantu bashika 500 boba baraburiwe irengero,mu ruzi rwa Kongo mu buraruko bushira ubuseruko mu ntara ya Mai Ndombe, ku munsi wa kabiri mw’ijoro, igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2018.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, umunyapolitike Didace Pembe wo muri ako karere, amenyeshe ko, ubutegetsi bwofasha mu kurondera ababuriwe irengero, muri iyo mpanuka hamwe n’abagihema.

Ivyo biri ukwo, mu gihe amakuru ava muri Reta avuga ko, n’imiburiburi abantu 14 baburiwe irengero, abandi 108 bararokoka, igihe amato yariko arasoza yibira mu ntara ya Mai Ndombe.

Amakuru ava aho nyene muri kongo,Ubwato butatu kandi burimwo abantu baharurwa mu majana bwaratwawe, hafi y’igisagara ca Kwamouth, hafi ibirometero 400 uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa, bivuye ku gicu kibi.

Abihweza ibintu n’ibindi, bavuga ko Mu ntara ya Mai Ndombe, amabarabara atameze neza, bigatuma inzira yo mu mazi ica ikundwa gukoreshwa naho irimwo impanuka nyinshi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha