Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abantu indwi bitavye Imana mu myiyerekano i Kinshasa
RDC : Abantu indwi bitavye Imana mu myiyerekano i Kinshasa
dimanche 31 décembre 2017
Amakuru ava ku murwa mukuru w’igihugu Kinshasa, amenyesha ko abo bantu bapfuye, mu gihe bari mu myiyerekano yatumweko n’ishengero katorika inyuma y’imisa,yo gusaba iyubahirizwa ry’amasezerano yashizweko umukono haraheze umwaka.
Naho mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bavuga abantu indwi,mw’ishengero katorika hoho, bavuga ko ibiharuro nfatakibanza aria bantu 10 bishwe n’abapatiri benshi bahagaritswe, ku murwa mukuru.
Ku ruhande rwiwe,umuvugizi w’igiporisi avuga ko hapfuye abantu babiri mu mishamirano n’abajejwe umutekano, kandi ko amatohoza yatanguye.
Mw’itangazo rya Reta ku mboneshakure, imenyesha urupfu rw’umuporisi.
MUGISHA Van Naris